UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ku myaka 20 arya amabuye ntakindi yumva comugera ku munwa

UBM News ads

Pakkirappa Hunagundi avuka mu gihugu c’Ubuhindi, yirira amatafari, amabuye, umusenyi, ivyondo kandi ivyo akaba amaze imyaka 20 abikora.

Uyo mugabo w’imyaka 30 y’amavuko, bikavugwa ko yoba afise indwara yitwa Pica, iyo nayo umuntu ayirwaye, akaba yirira ibifungurwa bitagirira akamaro umubiri. Avuga ko iyo mfungurwa yiwe imutunze, kandi imufitiye akamaro cane. Amenyesha ko kuva afise imyaka 10, yirira ayo matafari, atakindi arumva kimuryohera nk’ayo mabuye.

Pakkirappa Hunagundi aremeza ko amenyo yiwe atangorane afise, kandi bishobotse ahora aguguna ibibuye bikomeye, canke iminana y’amabuye, eka urucekeri rwo kuri we, akaba ari nko gufungura umusururu. Nyina aguma amukurikiranira haguf kugira arabe ko yoheba kurya ayo mabuye, ariko umuhungu wiwe we, akavuga ko inzu yiwabo yo inuze, ifise akanovera keza. Uwo muhindi, avuga kandi ko kenshi areka gufungura ibiriko vyihereza abandi bo mu muryango wiwe, akaja kwironderera ivyondo, amabuye, ivu ryumye ririmwo umucanga, n’ibindi.

Uwo musore rero, avuga ko kuva se apfuye haraheze imyaka ine, ariwe abwirizwa gukurikirana nyina. Kubera ubukene bafise, amenyesha ko agiye gukoresha uburyo Imana yamuhaye bwo kurya amabuye, aheze abukoreshe mu kwereka abantu bose ico gitangaza, kandi yizeye ko azoronka amafaranga yo kubesha umuryango wiwe, muri ukwo kurya amabuye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments