Alexis SINDUHIJE yagirijwe ubwicanyi bwakorewe abantu 24 mu ntara ya Cibitoke

0

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uwu wa kane umusore avuga ko ariwe yari arongoye umurwi w’abarwanyi bakoze igitero kw’igenekerezo rya 11 Rusama 2018 ku musozi Ruhagarika, mu ntara ya Cibitoke, igitero cahitanye abantu 24, abandi bagera ku ndwi barakomereka.

Uwo musore apfungiwe mw’iperereza i Bujumbura azwi kw’izina rya Dismas NDAYISABA, akaba yerekanwe ku bamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uwu wa kane. Nk’uko yavyibwiriye abamenyeshamakuru, yemeje ko abarwanyi bakoze ico gitero ari abo muri RED TABARA, akiyemerera ko ubwo bwicanyi bakoze bari babutumwe n’umunyeporitike w’Uburundi, Alexis SINDUHIJE, umukuru w’umugambwe MSD asanzwe ari mu buhungiro.

Dismas Ndayisaba, asanzwe avuka muri komine Gahombo, intara ya Kayanza avuga ko yafatiwe mu karere ka Ruvunge muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kuko ariho abo barwanyi bakoze ico gitero basanzwe bakorera, agashikiriza kandi ko hari n’abandi barwanyi nyene ba RED TABARA basanzwe bari mu gihugu c’Urwanda, mu ntumbero y’ukuzohungabanya amatora yo mu mwaka w’2020.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko uwo musore yafashwe ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, akamenyesha kandi ko uwo musore ari mu murwi w’abaheruka gukora ikindi gitero mu Gatumba, ku rubibe Uburundi buhana na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho hose kw’itegeko rya Alexis SINDUHIJE, nk’uko uwo yafashwe avyemeza.