Album ABAGENZI ya BOBONA igeze kure mu gukorwa.

0

Nikuze Bon Fils benshi bazi nka BOBONA ariko arakora urukurikirane yise Abagenzi ruzoba rufise n’amasanamu.

bobona 1

Mu kiganiro uyo muririmvyi yahaye ikinyamakuru canyu Ubmnews.com akaba yatumenyesheje ko urwo rukurikirane rugeze kure mu gukorwa,akaba yatumenyesheje kandi ko nuwuzokora amasanamu yizo ndirimbo ko yamaze kumenyekana ko ari umuhinyanyuzi The Cherif Pro wo muri ICOM PRO.

bobona 2
BOBONA akaba yatumenyesheje ko urwo rukurikirane ruzosohoka muri uyu mwaka nyene wa 2015.