Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni anaheruka gukomborwa mu mabanga yiwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye, yoba ariko ashaka guhungira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Ayo makuru yashizwe ahabona n’ikinyamakuru «The East African» co mu gihugu ca Kenya gisanzwe candika ku makuru yo mu karere ka afrika y’ubuseruko. Kubwa «The East African», Abajejwe imbibe z’uburundi bahawe itegeko ryo gucunga kugira ngo abategetsi baherutse gukurwa mu mabanga harimwo na Gén.Bunyoni nyibashobore gusohoka imbibe .
Ico kinyamakuru co mu gihugu ca Kenya kivuga ko abategetsi b’igihugu ca Tanzaniya ataco baravuga kuri iyo nkuru ijanye nuko Alain-Guillaume Bunyoni ariko asaba ubuhungiro mw’ico gihugu. Kubw’ico kinyamakuru, ngo umugambi wa Perezida Ndayishimiye woba ari uwo gushikana Bunyoni imbere y’ubutungane, naho ico kinyamakuru kigaruka kikamenyesha ko kuva kuwa gatanu uheze ata kimenyetso na kimwe cerekana ko uwo yahora afatwa nk’igihangange mu gihugu co kimwe mu mugambwe aturukamwo CNDD-FDD ashobora gufatwa.
Ayo makuru atanzwe n’ico kinyamakuru mu gihe hamaze imisi hari ibihuha vyinshi inyuma yaho Perezida Ndayishimiye atangarije mu ntara ya Gitega kuwa 2 Nyakanga ko ibihangange ariko atashimye kuvuga amazina bishaka kumuhirika ku butegetsi bwiwe.
Aboba bashaka gutembagaza ubutegetsi bwa Ndayishimiye bikavurwa ko boba bamuhora ku kuntu aguma amena amabanga yabo, bakongera bagashavuzwa kandi n’uko Varisito Ndayishimiye yavuze ko mubahanuzi bimbere afise harimwo umuhungu w’umuhisi Perezida Buyoya yitwa Olivier Buyoya.