Monday, May 29, 2023
HomePoliticsAbanywanyi ba CNL bankiwe kwitoza nka hose mu gihugu mu matora y'abahuza...

Abanywanyi ba CNL bankiwe kwitoza nka hose mu gihugu mu matora y’abahuza bo ku mitumba.

Imyidogo ni myishi mu banywanyi bo mu mugambwe CNL aho kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 12 Nyakanga 2022 haramuka hategurwa amatora y’abajenama ku mitumba.Nka hose mu gihugu, abanywanyi b’umugambwe CNL barakuwe abandi barankirwa gushirwa ku ntonde z’abitoza mw’ayo matora. Abajejwe intwaro bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD bakaba aribo batanze iryo tegeko yuko ata munywanyi wa CNL yoja ku ntonde z’abitoza mw’ayo matora, nkuko bivurwa n’abo banywanyi bayoboka umushingamateka Agathon Rwasa.

Mu ntara ya Kirundo ni mu buraruko bw’uburundi, Abanywanyi ba CNL bavuga ko abakuwe ku ntonde z’abitoza mu matora y’abajenama bo ku mitumba babwiwe ko ata munywanyi wa CNL numwe yemerewe kwitoza. Abo banywanyi bagatangazwa n’imvo zagiye zitangwa n’abajejwe intwaro kuba bakuwe kw’izo ntonde ko ari kubera hari abafise abagore barenga umwe kandi hari abanywanyi ba CNDD-FDD bitoje bafise abagore benshi.

Mu ntara ya Gitega ni hagati mu gihugu c’uburundi, Abanyagihugu bo mw’iyo ntara barwiriyemwo abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa na bonyene bemeza ko utari mu mugambwe CNDD-FDD utemererwa kuja mu bitoza, bakadoma urutoke abakuru b’imitumba kuba bari inyuma y’iryo kumirwa. «Jewe vyanyobeye ivyabereye aha iwacu i Gishubi, wayoberwa ko ari amatora canke icitiranwa cayo. Ngo umu CNL canke uwundi munyamugambwe atari uwa CNDD-FDD ntiyemerewe namba ko yitoza ngo nta bipinga bashaka mubazotunganiriza abenegihugu» Niko umwe mubanyagihugu avuka ku murwa mukuru wa komine wa Gishubi yavuze asa n’uwubabajwe n’uko ayo matora y’abajenama bo ku mitumba yatunganijwe.

No mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw’igihugu nikwo nahone vyagenze , aho kuri uyu wa mbere bamwe mu banyagihugu bo mu makomine ya yamurenza, Busiga, Ngozi n’ahandi barwiyemwo abo mu mugambwe CNL bidoze bavuga ko bakuwe ku ntonde z’abitoza mu rwego rw’abahuza bo ku mitumba. Bakagiriza abakuru b’imitumba kwandika abo mu mugambwe CNDD-FDD gusa. Aho basavye ababijejwe kubarenganura ariko vyabaye ivy’impfagusa kuko ataco babafashije.

Must Read