Lieutenant Joseph Niyonkuru ni iryo zina ry’intwazangabo mu gisirikare c’uburundi iheruka kuvanwa butarariye mu gihugu ca Somaliya maze ica irahagarikwa n’inzego z’iperereza. Ni inyuma yaho Joseph Niyonkuru yumviye ibogozwa mu mabanga ry’uwahora ari umushikiranganji wa mbere Alain- Guillaume Bunyoni, yaciye asohora ubutumwa bwa ‘audio’ kuri whatsapp burimwo amajambo mabi cane aho yatutse umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ndetse anamwagiriza ko ariko akoreshwa n’abarundi bo mu bwoko bw’abatutsi mu kugira bikunde umugambwe CNDD-FDD usambuke. Iyo ntwazangabo yarifatiye kandi umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Prime Niyongabo kuba ataco ariko afasha abasirikare.
Kubera ko ubwo butumwa bwagiye burarungikwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye maze bikavurwa ko bwababaje bamwe mu bihangange vyo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Lieutenant Joseph Niyonkuru yaciye akurwa butarariye mu gihugu ca Somaliya aho yari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro maze azanwa i Bujumbura kuri uyu wa gatanu w’indwi twasozereye. Bikavurwa ko yazanywe n’uwitwa Niyondiko Alain-Célestin. Agishika, Niyondiko akaba ngo yaciye ajanwa n’abakozi bakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Umwe mu basirikare bakorana na Lieutenant Joseph Niyonkuru ntababazwa nukuba mugenziwe yahagaritswe kuko yarijajaye cane mukuvugira mu butumwa bwa ‘audio’ amajambo arimwo amacakubiri hamwe no gutuka abategetsi . Uwo musirikare abivuga uku :«Mwene wacu azize ikiri ukuri kuko niwe yavyivugiye ibimukweze. Gusa yarijajaye ntiyarazi ko uwo bariko bavugana ahava amukwegera muguca atanga ahandi ubwo butumwa bwa audio. Yari gupfuma akoresha appel hoho vyari gupfuma mu gihe yaba ashaka kuyaga ivya politike natwe niko tubigira iyo tuba turiko tugaya ibitagenda neza iwacu i burundi canke tukandika duhejeje tugaca dufuta message»
Intwazangabo Joseph Niyonkuru akagiriza Perezida Ndayishimiye kuba ngo ariko yoshwa n’abarundi bo mu bwoko bw’abatutsi kugira umugambwe CNDD-FDD avuga ko batigera berekwa usambuke burundu. Akaba yagirije kandi uwutwara ibiro bikuru vya gisirikare Lt.Gen Prime Niyongabo kuba yahevye abasirikare atakibanezwe akavuga kandi ko abasirikare bavuye mw’ishamba bose bari inyuma ya Alain-Guillaume Bunyoni.
Recent Comments