Uwahoze ari umushikiranganji wambere Alain-Guillaume Bunyoni abarizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere. Bunyoni akaba yari yarengutse imbere y’umushikirizamanza mukuru wa republika mu nyuma ajanwa muri sentare ntahinyuzwa mu ntumbero yo kuraba ko yorekurwa akaburana yidegemvya canke agapfungwa.
Ahejeje kwumvirizwa, Sentare ntahinyuzwa yahavuye ifata ingingo yo kumupfunga maze Bunyoni aca ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi inyuma ya sasita kuri uyu wa mbere.
Mu vyaha sentare Ntahinyuzwa yagirije Alain-Guillaume Bunyoni harimwo ivy’uguhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu, inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko, ugutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha hamwe rero n’icaha co gutuka umukuru w’igihugu.