Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAlain-Guillaume Bunyoni ubu abarizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi inyuma yo kwumvirizwa n’umushikirizamanza...

Alain-Guillaume Bunyoni ubu abarizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi inyuma yo kwumvirizwa n’umushikirizamanza mukuru wa republika.

Uwahoze ari umushikiranganji wambere Alain-Guillaume Bunyoni abarizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere. Bunyoni akaba yari yarengutse imbere y’umushikirizamanza mukuru wa republika mu nyuma ajanwa muri sentare ntahinyuzwa mu ntumbero yo kuraba ko yorekurwa akaburana yidegemvya canke agapfungwa.

Ahejeje kwumvirizwa, Sentare ntahinyuzwa yahavuye ifata ingingo yo kumupfunga maze Bunyoni aca ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi inyuma ya sasita kuri uyu wa mbere.

Mu vyaha sentare Ntahinyuzwa yagirije Alain-Guillaume Bunyoni harimwo ivy’uguhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu, inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko, ugutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha hamwe rero n’icaha co gutuka umukuru w’igihugu.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...