Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAbasirikare b’uburundi barenga gato 700 nibo bagiye kugabanywa mu nteko za ATMIS...

Abasirikare b’uburundi barenga gato 700 nibo bagiye kugabanywa mu nteko za ATMIS kugeza mu mpera za Ruheshi uy’umwaka.

Abasirikare b’uburundi bari mu nteko za ATMIS mu gihugu ca somaliya barenga gatoya 700 nibo bagiye kugabanywa kugeza kuwa 30 Ruheshi 2023. Ubutumwa busaba ko bagabanywa bwarungitswe n’ibiro bikuru vya gisirikare buvuga ko hatahukanwa I batayo ya 67 yose hamwe n’iperoto zibiri zo muri batayo ya 68.

Mu butumwa bwarungitswe n’ibiro bikuru vya gisirikare, busaba inteko zigize ibatayo ya 67 yose igizwe n’abasirikare 650 kwitegurira hamwe n’iperoto zibiri zo muri batayo 68 ko botegura kuva mu gihugu ca somaliya. Abasirikare barenga gato 700 bakaba bazova muri somaliya imbere y’itarike ya 30 Ruheshi 2023.

Igabanywa ry’abo basirikare barenga gato 700 rivurwa na bamwe mu basirikare bari muri somaliya ko baguye mu gahundwe kuko ngo bobo bari biteze ko hagabanywa abasirikare 400 gusa ariko bakavuga ko iryo gabanywa ry’abo basirikare b’uburundi bari mu butumwa bwa ATMIS ari urutonde rubandanya bazoguma bagabanya ku buryo mu kwezi kwa Ruheshi 2024 abasirikare b’uburundi bari mu nteko za ATMIS bazobe batahukanywe.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...