UBM News ads

Etiyopiya: Igisagara ca Lalibela casubiye mu minwe y-abarwanyi ba TPLF.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarwanyi b-umuhari TPLF kuri uyu w-Imana bongeye kwigarurira igisagara ca Lalibela kiri mu buraruko bwa Etiyopiya ahasanzwe hari ikigo ndangakaranga ca UNESCO. Ayo makuru akaba yemezwa  n-umuhari TPLF hamwe n-abanyagihugu bo mw-ako gace. Ico gisagara kikaba cafashwe inyuma y-imisi 11 abasirikare ba Etiyopiya bongeye kucigarurira.Ethiopie : les forces du TPLF "auraient tué 125 villageois" en Amhara |  Africanews

Uburongozi bw-umuhari TPLF bwavuze ko bwagavye ibitero mu bisagara biri kw-ibarabara rifatanya Gashena na Lalibela.

Nkuko tubikesha iradiyo  Ijwi rya Amerika, Abo barwanyi ba TPLF ku muhingamo wo kuri uyu w-Imana bamenyesha ko inyuma yo gusambura hamwe no gushwiragiza umwansi wabo yari mu micungararo ya Gashena , baciye bongera gufata ikibuga c-indege ca Lalibela.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments