Benise Sweetbeats aje atavyorosha abifashijwemwo na Studio y’umurundikazi izwi kwizina rya Peniel Nation.

0

Umuririmvyikazi benshi bazi kw-izina rya Benise Sweetbeats  aheruka gusohora urukwirikirane rw-indirimbo   yise HOSANNA. Kubatazi  Benise Sweetbeats akaba ari umuririmvyikazi w-umurundi aririmba indirimbo z-Imana benshi bamenyereye kw-izina rya Gospel.

Abifashijwemwo na Studio peniel Nation isanzwe ariy-umurundikazi atuye i Kampala mu gihugu ca Uganda amenyesha ko Album yiwe nshasha aheruka gusohora yise HOSANNA igiye gukundwa na benshi aravye akanovera n-ubuhinga bw-iyo Studio bwakoreshejwe kugira isohoke.

Tubamenyeshe ko Studio Peniel Nation ari iyahoze benshi bita Opera Nation  ikaba yarafashije cane abaririmvyi b’abarundi batandukanye aho bava I Burundi bakaza gusohoreza indirimbo I Kampala mw-iyo studio.

Icipfuzo nyene Studio Peniel Nation afise n-uko uw-umwaka w-2021 uzohera yamaze kuyizana mu gihugu c-uburundi kugira afashe abaririmvyi bo mu gihugu ciwe bashobore gutera imbere mu muziki wabo. Ikindi , ngo Studio peniel iranakorana n-abaririmvyi batandukanye bo muri Afrika mukubafasha mu ndirimbo zabo.