Nyuma y’iminsi mike ashize ahabona indirimbo yitwa ”jangu”yakoranye n’umuririmvyi Dauphin,umuririmvyi w’umurundikazi Ashley Diva agiye gukorana indirimbo n’umuririmvyi akomeye cane wo mu gihugu ca kenya yitwa Choppah nkuko uyo muririmvyikazi Ashley yabimenyesheje
Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,Ashley diva akaba yamenyesheje ko abantu bokwitegurira indirimbo ya Choppah wo mu gihugu ca kenya yakoranye nuyo muririmvyikazi Ashley Diva,Ashley Diva akizeza abakunzi b’umuziki ndundi ko iyo ndirimbo bazoshobora kuyikunda cane kuko ikoze mu buhinga budasanzwe kandi ko yaririmvyi n’ubuhinga bwinshi kugira abkunzi b’umuziki ndundi bayikunde
Kubatazi Ashley Diva raba hano imwe mu ndirimbo ziwe: