Aho Kuvuga ‘Amoko y’Abantu’ Havugwe ‘Imiryango y’Abantu’.

0

Umuvugizi w’umukuru w’igighugu, Jean Claude Karerwa, yarasubiyemwo icipfuzo ca leta co gushiraho “imiryango y’abantu” (Clans) aho kubita “amoko y’abantu” kugira habe ugufatana mu nda kw’bantu nk’uko umukuru w’igihugu abivuga kenshi. Ivyo bikaba vyavugiwe mu kiganiro c’inzego n’abamenyeshamakuru ku musi wa gatanu itariki 23 Ntwarante 2018.

Muri ico kiganiro haramenyeshejwe ko imbere y’uko abakoloni baza, abahutu, abatutsi n’abatwa bari “imiryango yo mu kibano hisunzwe ivyo bashoboye mu buzima bwabo mu gihugu”. Ku bw’umukuru w’igihugu, iyo havuzwe amoko, nu’uko haba havuzwe abantu batavuga ururimi rumwe, badafise imico imwe, bataba mu turere tumwe, kandi bakaba badafise n’imigenzo imwe. Ariko Abarundi bagize “umugwi umwe w’ubwoko” kubera ko “bavuga ururimi rumwe, bakaba bafise imico n’imigenzo imwe”, niko umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha.

Uravye ivyo avuga, mu vy’ukuri birahuye n’uko kazinduzi zisigura ijambo ‘ubwoko’. Ariko rero kuva mu myaka ya kera hose abarundi barinjiwemwo n’icitwa ngo ‘ubwoko ubu canke buriya bwarangiriye nabi’.Aho twovuga ukuntu abantu bamwe bamwe usanga bashika no kuvuga muri kino gihe ko ‘atosangira n’uwo badasangiye ubwoko’.

Mu vy’ukuri, naho kahise dufatiye ku miryango y’abantu atari keza, abarundi barakwiye kwibagira ivyo baciyemwo maze bakanywana nk’umuryango umwe, maze kahise kabi kakibagirwa hama hakiyumvirwa kazoza keza hama hakaba ukunywana hagati y'”imiryango y’abantu”.