Beyoncé Yiyemeje Guha Amazi Meza Abakenyezi N’Abana Mu Burundi.

0

Ku musi mpuzamakungu wahariwe amazi ejo ku wa kane 22 Ntwarante 2018, umuriririmvyikazi rurangiranwa Beyoncé yarasinye amasezerano n’amashirahamwe abiri mpuzamakungu yo gufashanya ariyo Gucci na Chime for Change, yo gufasha mu kuronsa amazi meza abakenyezi n’abana bo mu gihugu c’Uburundi.

Ayo mashirahamwe Gucci na Chime for Change afadikanije na Beyoncé akaba yiyemeje gutanga amafaranga angana n’umuliyoni umwe w’amadolari( nk’umuliyaridi w’amarundi) mu gushigikira umugambi wa UNICEF wo kwubaka ayandi mariba 80 hamwe no guha amazi meza kandi asukuye abantu barenga 120 000 mu Burundi.

Kuva aho atangurije ico yise BEYGOOD4BURUNDI initiative afadikanije na UNICEF mu mwaka wa 2017, uyo muririmvyikazi akomenye w’imyaka 36, yaratanguje uwo mugambi wo kuronsa amazi meza abakenyezi n’abana hamwe no gukinga ingwara zizanwa no kunywa amazi mabi.

Uyo muririmvyi kandi akaba yabikoze kugira anagabanye urugendo utwana tw’udukobwa dufata mu kuja kurondera amazi kubera ko dushobora kugirirwa nabi kubera izo ngendo ndende.

Mu mwaka wa 2017 wonyene, amariba 35 akaba yarubakiwe abanyagihugu b’Uburundi kugira akoreshwe.

BEYGOOD4BURUNDI ikaba ifise umugambi wo gushikira abana b’Abarundi bashika 475,000 n’imiryango gushika mu mwaka wa 2020.