Leonard NYANGOMA yakuwe ku burongozi bw-umugambwe CNDD.

0

Umushingamateka Leonard NYANGOMA yakuwe kuri uyu wa kabiri ku burongozi bw-umugambwe CNDD,     yahora arongoye kuva ugishingwa.Léonard Nyangoma : « Il est encore possible de négocier » au Burundi –  Jeune Afrique

Mu kiganiro yatanze ku banditsi no ku bamenyeshamakuru, Gaspard Kobako, umuvugizi w-uwo mugambwe yasiguye ko NYANGOMA yagirizwa  kudatunganya  neza uwo mugambwe. Bikaba bitegekanijwe ko uwugiye kuzomusubirira azotorwa mw-ikoraniro kaminuza ry-uwo mugambwe, nkuko vyamenyeshejwe na Gaspard Kobako.