Agateka k’abana karahungabanye k’Uwinterekwa

0

Amasanamu yazungurutse kur’uyu wagatatu yerekana umukenyezi ariko arahana n’inkoni umwana yamwambuye impuzu yarababaje abatari bake m’Uburundi no mu mahanga. Aho hari muri zone Gihosha muri komine Ntahangwa. Uwo mugore akaba ari mu kase wuwo mwana akaba yakubita uwo mwana amubwira ko atanumwe ashobora kumutabara kireste Imana yo mw’ijuru. Aho ni mugihe ababanyi bariko barabuza uyo mugore guhana n’inkoni uwo mwana.

Uwo mugore akaba yarabandanije abwira amajambo akomeye uyo mwana atarenza imyaka itanu ko atakigongwe amugiriri ngo na nyina yaramuhevye ariwe yomugiriye ikigongwe. Uwo mwana nawene yarivugiye ko se ahari ahora abuza uyo mugore gukubita uwo mwana ariko uwo mugore akabandanya ahigira uwo mwana ko azomukubita gushika apfuye.

Igipolisi n’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe gukingira agateka k’abana bakaba baciye basidukana n’iyonka kuza gutabara uwo mwana mbere uwu mugore aca atabwa muri yompi. Petero Nkurikiye, avugira ubushikiranganji bw’umutekano, intwaro yo hagati mu gihugu niterambere ry’amakomine, yavuze ko uwo mukenyezi baca bashikiriza ubutungane bumuhane.

Ubushikiranganji bwo gufatana munda nabwo bukaba bwamenyesheje ko gukupita birenze urugero umwana bihanwa n’amategeko. Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko bugiye kurondera ikibanza kibereye uwo mwana yokuriramwo.