Agashirukabute ku bakinyi b’intamba mu rugamba kiyongereye

0

n’inkuru nziza cane ku bakinyi b’umugwi nserukira gihugu w’uburundi aho agashirukabute kabo kiyongereye ku rukino rugiye kubahuza na namibie aho agashirukabute kabo kavuye ku mahera ibihumbi amajana atanu kaja ku mafaranga ibihumbi amajana indwi n’amajana n’atanu
intamba agashirukabute
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,uwurongoye umupira w’amaguru mu burundi umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo akaba yamenyesheje ko mu rukino rugiye guhuza uburundi na namibie umukinyi umwe umwe azoronka agashirukabute kangana ibihumbi amajana indwi n’atanu mu gihe bizoshika bakarutsinda,Reverien akaba yanditse ati:

Agashiruka bute ku bakinyi b’Intamba mu rugamba kahora kuri 500.000fbu kashizwe kuri 750.000fbu ku rukino rwa Burundi vs Namibie na 750.000fbu ku rukino rwa Namibie vs Burundi. Abakinyi 12 bari hanze y’igihugu nibo batumweko.
Tworangiza tubamenyesha ko ako gashirukabute kazotangwa kurukino ruzobahuza na Namibie