Aborozi b’inzuki barageramiwe mu ntara ya karusi

0
 Inzuki zari mu bitiba (imizinga) 7 vy’ishirahamwe “Club Ziradaha”, biri mu gikumba ca paruwasi Gitaramuka, ku mugwa mukuru wa komine Gitaramuka basanze zapfuye mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri 06/04/2021.
 Amakuru atangwa n’abanyagihugu avuga ko basanze ivyo bitiba vyuguruye. Bibaza ko vyakozwe n’abagizi ba nabi.
Musitanteri wa komine aremeza ayo makuru. Pascaline Ndagijimana yashitse muri ico gikumba, amenyesha ko mu bitiba 19 vy’iryo shirahamwe, ibitiba 7 arivyo basanze bipfunduruye, inzuki zapfuye. Ashikiriza ko amatohoza yatanguye hamenyekane icishe izo nzuki.
Ivyo vyabaye mu gihe ata ndwi 3 zari bwahere, ibintu nk’ivyo bibaye ku mutumba Ramvya komine Buhiga, aho inzuki zari mu bitiba 204, basanze zapfuye atawuzi icazishe.