Nkuko vyemerwa n-abagumyabanga bo mu mugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD mu ntara ya Kirundo , nuko kuva mu mwaka w-2016 hari ukutumvikana hagati y-ibihangange bibiri Jean Baptiste Nzigamasabo batazira Gihahe na Anastase Manirambona ubu ajejwe amabanga akomeye mu rwego rw-igihugu rw-umugambwe CNDD-FDD.cndd
Ico gihe Anastase Manirambona niho yakura umwambaro wa gisirikare yinjira mu buzima busanzwe bwa gisivire aca agenwa kuba umunyamabanga ajejwe ivy-akarangamutima mu mugambwe ku rwego rw-igihugu niho yaca atangura kurabana ay-ingwe n,umushingamateka Jean Baptiste Nzigamasabo we afatwa nk-igihangange kikomeye mu mugambwe CNDD –FDD mw-iyo ntara.
Kuva ico gihe Anastase agenywe mw-ayo mabanga akomeye yaciye atangura kwinjira m-ubuzima bugize intara aho abagenwa mu buzi butandukanye bwo mw-iyo ntara habanza kubazwa Anastase ivyo navyo akaba arivyo vyatuma ishavu riniga kwa Gihahe. Bica bituma haduka ukutumvikana mw-ivyo bihangange bibiri mu mugambwe ndetse no mubayoboke babo bahava baracanamwo aha twovuga imishamirano imaze imisi mu rwaruka rw-imbonerakure, aho abayoboka Gihahe bamaze imisi batana mu mitwe nabo kwa Anastase hakaba hamaze gukomereka abatari bake ku mpande zose ndetse umwe mw-izo mbonerakure akaba yarapfuye yishwe n-amahiri meshi yakubiswe.
Ikindi kiriko kiribonekeza mw-iyo ntara, nuko abajejwe intwaro benshi bayoboka Anastase Manirambona, bisigura ko hariho abandi bakeya bakiyoboka Gihahe ni ukuvuga gufata ingingo imwe kw-abo bajejwe intaro bitoroha kukubera bagenda bafise abo bayoboka hagati ya Anastase Manirambona na Jean Baptiste Nzigamasabo azwi kw-izina rya Gihahe.
Recent Comments