Abigeme 25 Bafatiwe i Nairobi Muri kenya.

0

Abigeme bashika ku 25 b’Abarundi baraye bafashwe ejo ku musi gatanu mw’ijoro mu mukwabu wakozwe n’igipolisi mu gisagara ca Nairobi,nk’uko tubikesha ikinyamakuru caho muri kenya, The Star Kenya.

The Star kenya imenyesha ko igipolisi ca Kenya kikaba cabasanze ahantu mu nzu imwe bari aho mu gisagara ca Nairobi. Babiri muri abo bigeme bakaba bagirizwa gukora urudandazwa rw’abantu, babatwara mu bihugu vyo muri Asia y’ubumanuka bushira ubuseruko ( Moyen Orient) nka za Oman, Arabie Saoudith n’ahandi.

Mu bisagara vya Mombassa na Nairobi aho muri Kenya bikaba bivugwa cane ku bijanye no kuba ikiraro co gukora urwo rudandazwa rutemewe n’amategeko rw’abantu( Human Trafficking).

Ayo makuru akaba ahuye n’ukuntu abana b’abigeme bamwe bamwe n’abakeyezi bama bafashwe n’igipolisi c’Uburundi bagomba bajanwe muri ivyo bihugu vyo muri Aziya, bemererwa gukorera amafaranga menshi ariko ugasanga abo bana b’Uburundi bakoreshwa mu bikorwa vy’umuruho canke ibikorwa vyo guhohoterwa mu bijanye n’igitsina.