Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsBruce Mélodie aridegemvya akaba yemerewe gukorera igiteramo ciwe kuri Zion Beach.

Bruce Mélodie aridegemvya akaba yemerewe gukorera igiteramo ciwe kuri Zion Beach.

Icamamare mu muziki Bruce Mélodie aturuka mu gihugu c’urwanda yarekuwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu. Uwo muririmvyi akaba yaciye aja gukorera igiteramo ciwe kuri Zion Beach mu gisagara ca Bujumbura.
Amakuru adushikira akaba yemeza ko umuririmvyi Bruce Mélodie yarekuwe abanje gusubizwa imiriyoni 30 z’amafaranga y’amarundi hamwe n’ayandi mafaranga angana imiriyoni 12 yari yatswe nk’indishi y’akababaro ihawe umurwizatunga Toussaint Bankuwiha asanzwe yishuza uwo muririmvyi amafaranga angana amadorare 2000 hamwe n’izindi miriyoni z’amafaranga y’amarundi yari yahawe mu mwaka wa 2018 ku giteramo yari afise i Bujumbura ariko kikaba cahavuye kibuzwa n’abategetsi b’uburundi.

Bikaba bivurwa ko abajejwe imigenderanire y’uburundi hamwe n’igihugu c’urwanda boba bahavuye bavyinjiramwo kugira uwo muririmvyi arekurwe yidegemvye.
Naho ubuvugizi bw’ubushikiranganji bw’umutekano bwari bwatangaje ejo hahise ko Bruce Mélodie afungiwe ku caha ca «escroquerie» co kwiba hakoreshejwe uruyeri ndetse ko atemerewe gukorera igiteramo mu Burundi kubera akwirikiranwa n’ico caha, Porokirere wa komine Ntahangwa akaba yaciye ategeka ko Bruce arekurwa yongera amuha uruhusha rwo kubandanya ibiteramo vyiwe yarajemwo i Bujumbura.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments