UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abatavuga rumwe bari mu buhungiro bagiye gushinga Leta yabo izohangana n’ibibazo bihanze uburundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa 20 Ntwarante 2023, Abatavugarumwe bari mu buhungiro batangaje ko bagiye kwihutira gushinga Leta yabo izokorera mu buhungiro maze ikazofasha mu buryo bwihuse mu gutorera inyishu ibibazo bihanze iki gihe igihugu c’uburundi. Abo batavuga rumwe babitangaje kubera ko ngo Leta y’umugambwe CNDD-FDD yanse burundu kuganira n’abanyepolitike batavuga rumwe nayo kugira igihugu gishobore kuva mu bihe bikomeye kirimwo iki gihe.

Iryo tangazo ryateweko umukono n’umunyepolitike Jérémie Minani rigira riti :”Kuva mu 2015, Indongozi z’abatavuga rumwe ziri mu buhungiro ntizahengeshanije mu gusaba ibiganiro ku bafise ubutegetsi kugira haboneke icuka ciza ca politike hagati y’izo mpande zibiri ni inyuma y’ingingo yari yafashwe n’umuhisi Perezida Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo ca gatatu abanje guhonyanga ibwirizwashingiro ry’uburundi ryategekanya ibiringo bibiri kuwitoreza intebe y’umukuru w’igihugu”

Iryo tangazo rirongerako riti :”Abategetsi b’uburundi ntibanse ibiganiro gusa, baranse kwitabira intambwe y’ibiganiro yari yashizweho n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Baciye kandi bategeka ubutungane ubutungane bw’uburundi bagenzura ndetse banakoresha kugira basohorere imitahe yo gufata abagumye basaba ivyo biganiro bagizwe ahanini n’abarundi b’ababasivire hamwe n’abasirikare”

Kubw’ivyo vyose, Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bari mu buhungiro bamenyesha ko bagiye gutanguza umugambi wo gushinga Leta mfatakibanza izokorera mu buhungiro kugira ikore ibishoboka vyose mu kwambika umutamana igihugu c’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments