Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunzi"Kuva uburundi bwitwa izina nta biciro vy’ibiribwa vyari bwaduge ku rugero nk’uru"...

“Kuva uburundi bwitwa izina nta biciro vy’ibiribwa vyari bwaduge ku rugero nk’uru” Umunyagihugu w’intara ya Bururi.

Ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa mu gihugu c’uburundi muri kino gihe vyabaye ndanse mu kuduga. Hari ivyaduze incuro zirenga zitatu mu mezi atagera kuri atatu. Nk’akarorero, Umuceri n’ibiharage ,ikiro kimwe ubu kigurwa amafaranga arenga gato ibihumbi bine vy’amarundi. Umwe mu banyagihugu atubwira ko ari irya mbere kuva uburundi bwita izina ibiciro vy’ibifungurwa biduze ku rugero rudasanzwe nk’urwo.

Umuhumure w’imyaka 69 twavuganye aturuka mu ntara ya Bururi , muri Komine Songa agira ati :
“Naho ndi kw’itongo vyitwa ko nirimira kandi nsimpange inzu, ivyo ndiko ndabona si amarembe nukuri.Kuva uburundi bwitwa izina nta biciro vy’ibiribwa vyari bwigere biduga ku rugero nk’uru, Ndabona ko twamaze kurengerwa n’iki kibazo. Ndabona atari Imana yonyene yiyiziye kudutabara ahacu ntaco tugishoboye”

Mu ntara zitari nke, Imiryango myishi yemeza ko gufungura rimwe iki gihe babifata nk’amahirwe adasanzwe. Ico kibazo c’iduga ry’ibifungurwa kiriko kandi kigira ingaruka mbi mu ma bohero, mu mashuri y’uburaro hamwe no mu gisirikare n’igipolisi kuko ibifungurwa bimaze imisi biburayo cane nk’umuceri, ibiharage n’ifu y’ibigori nkuko amakuru adushikira abivuga.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye we amenyesha ko ubukene bw’amafaranga y’agaciro hamwe n’abashorera umwimbu mu kinyegero bawujana mu bihugu bibanyi ariyo mvo nyamukuru iriko ituma ivyo biciro biduga uko bukeye uko bwije.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...