UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

FNL yigamba kuba yishe abasirikare b’uburundi barenga 30 mu mirwano yabereye muri Congo ndetse inatanga umwidondoro w’abishwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu ntambara zikomeye zabaye kuri uyu wa gatandatu no kuri uy’Imana w’indwi twaraye dusozereye zahuje abasirikare b’uburundi n’abarwanyi b’umuhari FNL mu misozi miremire iri mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, mu buseruko bw’igihugu ca Congo, Abasirikare b’uburundi ngo boba barenga 30 ngo niboba basize ubuzima maze ku ruhande rw’uwo muhari ngo hakomeretse abarwanyi babiri nk’uko bitangazwa na Isidore Nibizi arongoye ivy’imfatakibanza umuhari FNL. Isidore Nibizi aravuga kandi umwidondoro wa bamwe mu basirikare bahasize ubuzima mw’iyo mirwano.

Mu kiganiro yahaye Iradiyo Ijwi ry’abanyagihugu RPA kuri uyu w’Imana, Isidore Nibizi yagize ati:”Intambara z’ejo n’uno musi zabereye mu misozi bita Bichaka na Karundu. Kuri uyu wa gatandatu, FDN ntiyashoboye gutora ibiziga vyababo bafata umugambi wokuraraho , mu gitondo co kuri uyu wa 19 Ntwarante kuwa mungu, intambara yatanguye isaha zitandatu n’inusu yari ifise intumbero yo gutora ivyo biziga. FNL yashoboye guharura ibiziga 33 inkomere zitarimwo. Ntawuziko batoba batwaye n’abandi mw’ijoro ariko ntibashoboye gutwara ibiziga vyabo vyose kuko umuriro wari mwinshi”

Isidore Nibizi aratanga imyidondoro y’abasirikare b’uburundi babiri bari mu bapfiriye mw’izo ntambara:
“…Tuboneyeho no kubikira imiryango yabo, uwambere ni uwitwa Manirampa Evariste 2eme classe, numero matricule 81702 avuka mu ntara ya Kirundo, komine Bugabira, umwaka 1992. Umusirikare wa kabiri yahuye ni ibibazo ni uwitwa caporal-chef Butoyi Gabriel avuka komine Songa mu ntara ya Bururi , uwo nawe yavutse mu mwaka w’1982”

Uwo muhari ukamenyeha kandi ko washoboye kwaka ibirwanisho ingabo z’uburundi zari k’urwo rugamba. Ivyo birwanisho bigizwe n’inkoho zo mu bwoko bwa “mitrailleuse”na “Kalachnikov”hamwe n’amabombe agera kuri ndwi n’amasasu yo mu bwoko butandukanye. FNL ikavuga ko ku ruhande rwabo ari abarwanyi babo bakomeretse ariko ngo bitari vya cane.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments