Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ,Réverien Ndikuriyo amenyesha ko umugambwe arongoye ufise umugambi w’uko ibisata bitandukanye vy’ubuzi bwa Leta birangwamwo urwaruka rw’imbonerakure gusa rusanzwe rwegamiye uwo mugambwe. Ndikuriyo akaba yabitangaje kuri uyu wa gatandatu aho uyo mugambwe waruramutse uhimbaza umusi mukuru wahariwe imbonerakure bikaba ivyo birori vyabereye kuri kibuga c’umupira w’amaguru bitiriye Ingoma kiri ku murwa mukuru wa politike i Gitega.
Réverien Ndikuriyo akaba yavuze ko mu gihe uwo mugambi woshirwa mu ngiro vyotuma imbonerakure zubahwa aho ziri hose. Ndikuriyo abivuga uku :«uyu musi harageze ko twivyukiranya basange incabwenge zose ari imbonerakure, basange abahinga bose ari imbonerakure, basange abaganga bose n’abandi ari imbonerakure gushika aho amakungu uhereye mu bihugu vya Afrika bahindura imvugo kuvyerekeye imbonerakure»
Tubamenyeshe ko bitewe n’ibikorwa vya gisirikare hamwe n’ivyo guhungabanya agateka ka zina muntu bikorwa n’urwo rwaruka rw’imbonerakure, Mu mwaka wa 2014 ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gisata caryo kiraba ivy’agateka ka zina cashize urwo rwaruka rw’imbonerakure mu mirwi y’inkorabara bise «milice» mu rurimi rw’igifaransa. Eka ndetse n’ivyegeranyo vy’amashirahamwe mpuzamakungu biza bitunga urutoke urwo rwaruka rwegamiye mu mugambwe uri ku butegetsi ko ruguma ruhungabanya agateka ka zina muntu na cane cane ku barundi batavuga rumwe na CNDD-FDD.
Recent Comments