Abashingamateka bo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya baraye biyamirije ingingo yo kwugara mu kiringo c’amezi atatu ibikorwa vy’uburovyi mu kiyaga ca Tanganyika. Abo bashingamateka bakaba basaba Leta kubanza kwerekana ukwo abanyagihugu bari bazeye uburaro n’uburamuko muri ico kiyaga bagiye kubaho. Iyo ngingo yo kwugara ikiyaga Tanganyika ikaba yari yafatiwe hamwe n’ibihugu bine bisangiye ico kiyaga mu ntumbero y’uko ifi zo mw’ico kiyaga zorwirirana. Abo bashingamateka bakaba bahambije bagenzi babo bo mu gihugu ca Congo baherutse gutangaza ko iyo ngingo bayanse ko ishirwa mu ngiro.
Umwe mu bashingamateka b’igihugu ca Tanzaniya yagize ati :”Turi mu karere gasangiwe ikiyaga Tanganyika , ibikorwa vyo mu kiyaga bitunze abantu benshi . iyo ngingo yo kwugara ikiyaga amezi atatu RDC yarayanse . Natwebwe muri Tanzaniya turayanse”
Uyundi mushingamateka ati :”Twebwe abaserukira abanyagihugu begereye mu kiyaga ca Tanganyika, iyo ngingo ntituyemeye na gato. Twoshobora kuvyemera gusa mu gihe ubushikiranganji bwega yoza akatwiganira uko bategekanya gufasha abanyagihugu twebwe duserukira ukwo bazobaho muri ayo amezi atatu. Nyimba bategekanije ikindi kintu abanyagihugu bacu kizobafasha mw’ico kiringo aho tuzovyemera”
Tubamenyeshe ko ingingo yo kwugara uburovyi bwo mu kiyaga Tanganyika ,ikiyaga gisangiwe n’ibihugu bine arivyo:uburundi, Congo, Tanzaniya na zambiya, vyategekanya ko mu kiringo c’amezi atatu uhereye kw’igenekerezo rya 15 Rusama kugeza kuwa 15 Myandagaro 2023. Iyo ngingo rero ayo ma Leta ane yari yiteze ko yotuma ifi zotuma zisubira kurondoka zikarwirirana mu kiyaga ca Tanganyika. Abashingamateka bo mu gihugu ca Congo bo bakaba barayiyamirije.