UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Gukora amabanga mpuzabitsina kabiri mu ndwi bigabaniriza ab’igitsina gabo kutarwara indwara y’umutima (Johns Hopkins).

Ikigo co muri Amerika ‘Johns Hopkins Medicine’ gitangaza ko gukora amabanga mpuzabitsina n’imiburiburi kabiri mw’iy’inga bigabaniriza abo mu gitsina gabo kutandura indwara y’umutima.

Bikaba vyatangajwe n’umuyobozi mukuru w’ishami ry’ubushakashatsi no kurwanya indwara y’umutima muri Johns Hopkins Medicine, Michael Blaha, aho yatangaza inyishu ku bibaza igihe umuntu yomenya ko gukora imibonano mpuzabitsina ata kibazo bitera mu gihe umuntu agendana indwara y’umutima.

Michael Blaha yagize ati :«Ubwoba bwa mbere bugirwa n’abasanzwe babanye n’abarwaye umutima, ni ugutinya ko vyobatera ukuremba n’iyo ndwara mu gihe bari gukora amabanga mpuzabitsina»

Michael Blaha avuga kandi ko kuba usanzwe urwaye umutima bitogushira mu mwiheburo maze ukaremba mu gihe uriko ukora imibonano mpuzabitsina, ahubwo agasobanura ko bimwe mu vyiza vy’ico gikorwa harimwo no kugabanya ukutarwara umutima.

Akaba yamenyesheje ko ku gitsina gabo bakoze amabanga mpuzabitsina n’imiburiburi kabiri mu ndwi vyobagabaniriza ivyago vyo kurwara indwara zifatira mu mutima.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments