UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Turiteguye kurwana n’igihugu ca Congo bibaye ngombwa-Paul Kagame

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yaraye atangaje kumugaragaro ko igihugu c’urwanda citeguye kurwana na Congo kandi ko ata bwoba afise.ibi yabishikirije ku musi w’ejo mu kiganiro yagiranya n’imboneshakure France 24.


Mu gihe umubano w’igihugu c’urwanda na Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Kongo usanzwe warahungubanye bivuye ku ntambara Congo irimwo n’umuhari M23 mbere bikavurwa ko uwo muhari usanzwe ushigikiwe n’igihugu c’urwanda,Paul Kagame we arabihakana vyose ahubwo akavuga ko M23 ari abanyekongo ko bariko baharanira uburenganzira bwabo.

Mukiganiro yagiranye n’imboneshakure France 24,Paul Kagame yaragarutse ku cuka kiri hagati y’ibi bihugu 2 aho mbere yaraye atangaje kumugaragaro ko yiteguye kwinjira mu ntambara n’igihugu ca Kongo bibaye ngombwa.Paul Kagame yagize ati:«Turiteguye kurwana n’igihugu ca Kongo kandi nta bwoba nfise.»
Felix Tshisekedi arongoye igihugu ca Kongo yagiriza umukuru w’igihugu c’urwanda ko ariko arakora ihonyabwoko mu karere k’ubuseruko ka Kongo.

Kuri ivyo vyagiriji vyose,Paul Kagame we abona ko Prezida Felix Tshisekedi ariko ashigikiye umugambi n’ivyiyumviro bigamije ihonyabwoko ku batutsi bo muri Kongo.Kagame yagize ati:«Iyo wagiriza abandi kandi ariwe uri mumakosa,uba ufise ikibazo mu mutwe.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments