UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 nta kigongwe bakwiye kuronka-Reveriyano Ndikuriyo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe Cndd-Fdd reveriyano ndikuriyo avuga ko abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza atakigongwe bakwiye kuronka kuko ivyo bakoze n’ivyaha vy’agahomera bunwa.kubwiwe ngo ababikoze ntibibaze ngo vyaraheze aho bazoba bari hose bazoguma baronderwa bahanwe Kandi nta numwe ashobora kubikuraho naho yoba umukuru w’igihugu.ibi yabivuze mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru inyuma y’inama ya comite nkuru y’umugambwe Cndd-Fdd yabaye igenekerezo rya 22-23 ndamukiza 2024.


Reveriyano Ndikuriyo yagize ati:«Abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza bakoze ivyaha bikomeye vy’agahomerabunwa kandi ntibishobora kwibagirwa.ababikoze bashatse gusenyura democrasi kuko umuhisi Petero nkurunziza yari indongozi yitorerewe n’abenegihugu biciye mu matora.abashatse guhungabanya inzego za 2015 aho bazoba bari hose bazoronderwa bahanwe n’ubutungane.»

Abarundi batari bake baragiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’umuhisi petero nkurunziza bavuga ko kitubahirije amategeko ibintu bitari bike bikaba vyarononekaye.kwigenekerezo rya 13 rusama 2015 niho habaye itembagazwa ry’ubutegetsi bw’umuhihisi Petero Nkurunziza bikozwe na Generali Godfroid Niyombare ariko rikaba ritakunze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments