UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abakozi ba Leta bacererwa ku buzi bakanasiba uko bashatse bagiye guhanwa biboneka-Jerome Niyonzima

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru wa Leta y’uburundi akaba n’umuvugizi wayo Jerome Niyonzima amenyesha ko hibonekeza abakozi batacubahiriza amasaha y’akazi bagasiba uko bigombeye ku buzi bwa Leta bigatuma igihugu kidashobora kugera kuri yambona kazoza ya 2040-2060,abo bagiye guhanwa bimwe biboneka.ibi ni bimwe mu vyapfundikiwe mu nama nshikiranganji yakoranye igenekerezo rya 17 ndamukiza 2024 irongowe na Evariste Ndayishimiye.


Inama nshikiranganji yarakoranye kuwa gatatu igenekerezo rya 17 ndamukiza 2024 irongowe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu vyo bariko bariga harimwo amasaha y’akazi ku bakozi ba Leta,aho basanze ku buzi bwa Leta bwinshi abakozi batacubahiriza umwanya w’akazi bamwe bagasiba uko bashatse abandi bagacererwa uko bigombeye kandi ivyo bikaba biza kunigira mu menshi yam bona kazoza ya 2040-2060.

Nkuko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa Leta y’uburundi Jerome Niyonzima akaba n’umuvugizi wayo,yagize ati:«amasaha y’akazi ni kuva isaha imwe y’igitondo gushika isaha icenda n’igice y’umuhingamo kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu hakabamwo n’akaruhuko k’iminota 30.ukutubahiriza amasaha y’akazi ni bimwe mu bibangamira ya migambi y’imbonakazoza ya 2040-2060.mu ntumbero yo kwubahiriza abakozi ngo bakore batekaniwe iyo nteguro yashaka gutegura ukundi amasaha y’akazi.»

Jerome Niyonzima arongera ati:«Inama nshikiranganji yasanze ikibazo Atari amasaha yo gutonda ku buzi ahubwo ari ububegito bw’abakozi bonyene ubwabo bafise ingeso yo gucererwa abakoresha nabo bakabifata ibisanzwe ntibabahane.inama nshikiranganji yaciye ifata ingingo yuko amasaha y’akazi ari yayandi nyene kandi abakozi bagakwirikiranwa neza hakanakoresha ubuhinga bwa none mu kuraba ko batonze ku gihe abicereza n’abasiba nabo bagahanwa hisunzwe amategeko.»

Leta y’uburundi ikwiye gukemura ikibazo c’igitoro rimaze imisi ryobonekeza kuko riri mu bituma abakozi benshi bamaze imisi bashika bacerewe kubera bashika ku bituro bagasanga imirongo miremire imodoka zunguruza abantu nazo zikabura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments