UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abaryamana nabo bahuje ibitsina bazofungwa ubuzima bwose canke bahabwe igihano co gupfa

Mu masaha ya mbere ya saa sita yo kuri uyu wa mbere Nyakubahwa Umukuru w’igihugu ca Uganda ” Yoweri Museveni ” yashize umukono ndetse yemeza ko itegeko rihana abaryamana bahuje ibitsina muri Uganda ko rishizwe mu gitabo c’Amategeko.

Museveni avuga ko ukuryamana kwabahuje ibitsina ko atari indwara canke ngo buvukanwe ahubwo ari imico abantu bigana ari nayo mpamvu umuntu wese uryama nabo bahuje ibitsina ategerezwa kubihanirwa n’amategeko.


Perezida Yoweri Museveni hano yari imbere y’abantu benshi cane ariko arasinya iryo tegeko rishasha.

Nk’uko iryo tegeko ryasinyiwe na Yoweri museveni ribivuga, umuntu wese uzahamwa n’ivyaha vyo kuryamana nabo bahuje ibitsina azahanishwa igihano co gufungwa ubuzima bwose, canke igihano c’urupfu mu gihe uwo babikorana ari munsi y’imyaka 18 canke yaramwanduje indwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina.

Iri tegeko rikaba ririmwo ibintu vyinshi bitandukanye birimwo kubuza kuraba filime z’ubusambanyi (pornography), ngo kuko ibi bituma abenshi bahohoterwa cane bitewe n’ivyo baba babonye muri ayo ma Movies

Ikintu cose cozana iciyunviro c’ubusambanyi gihanwa niri tegeko nk’ibindi vyaha vyose, ibi ngo bikaba ari mu rwego rwo kunoza umuco ndetse no kwirinda ingaruka ziterwa n’ubusambanyi, haba mu muryango ndetse no ku gihugu muri rusange.

Ibi Museveni akaba abikoze nyuma y’uko bimwe mu bihugu bikomeye kwisi bivuze ko gusinya iri tegeko ari ukubangamira uburengazira bwa muntu muri Uganda, muri ivyo bihugu hakaba harimwo hano muri Leta Zunze ubumwe za Amerika kimwe mu bihugu bifasha cane Leta ya Uganda mu bikorwa bitandukaye, aho Perezida Barack Obama yari yavuze ko Museveni niyo yahirahira agasinya kuri iri tegeko ko bizoteza ingorane mu mubano wa Uganda nahano muri Amerika.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments