Inama nkuru y’Abashingantahe imenyesha ko irajwe ishinga n’ibiriko biraba mu Burundi, na cane cane ingendo igayitse yo guca ubunywenywe imigambwe mu kugira ubushami budafise inguvu bwa Nyakuri, co kiimwe no gushaka guhindura ibwirizwa nshingiro vyanke bikunde.
Mu kiganiro inama nkuru y’Abashingantahe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruhuhuma uyu mwaka, abagize inama nkuru y’Abashingantahe mu Burundi bamenyesha ko batewe impungenge n’ingendo igayitse kandi ibandanya yibonekeza mu gihugu, y’ukurondera guca ubunywenywe imigambwe itavuga rumwe na Reta. Bavuga ko ivyo vyibonekeza ko bikorwa n’abategetsi bamwe bamwe, naho bigirisha badashaka kwiserura. Iyo ngendo yo gucamwo imigambwe udushami twa Nyakuri, urwego rukuru rw’Abashingantahe ruvuga ko, ababigira bicisha mu banywanyi bamwe bamwe b’imigambwe bafatwa nk’abataye umurongo mu migambwe baturukamwo. Babandanya bavuga ko ivyo vyagiye biraba mu migambwe nka CNDD, FNL, FRODEBU, UPD, ubu naho bikaba vyashitse mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA.
Ambassadeur Balthazar Habonimana umukuru w’urwego rw’Abashingantahe
Mu rwego rukuru rw’Abashingantahe rero bakabona ko atakaburimvo, ivyo vyose biba bifise ico bigamije. Abari muri urwo rwego rero, babandanya bavuga ko hari abamaze kumera magabo kugira umugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro ukunde vyanka vyakunda. Ku bw’abo Bashingantahe, iyo ngendo ikaba atakindi igamije, atari ugushaka gufasha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kugira ashobore kwitoza ikirinfgo kigira gatatu, mu gihe ikiringo ciwe ca kabiri kiri mu guhera. Bavuga ko naho umukuru w’igihugu atarabimenyesha, ntayindi ntumbero, atari kubandanya ari ku butegetsi, mu gihe amasezerano y’i Arusha avuga ko atamukuru w’igihugu n’umwe azorenza ibiringo bibiri.
Urwo rwego rukuru rw’Abashingantahe rukaba rusavye abashingamateka n’abakenguzamateka bitorewe n’abanyagihugu, ko hageze ikiringo co kwemeza amategeko, borangura amabanga yabo, bakarengera vyukuri inyungu z’imigambwe bavamwo. Basaba ko abo baserukira abanyagihugu, bofata ingingo ishingiye ku vyo abanyeporitike bari kumwe n’abaserukira amadini hamwe n’abari mu mashirahamwe ategamiye Reta bashitseko. Reta nayo, ikaba isabwa gukorera mu kuri, no ku mugaragaro, mu gushira imbere inyungu z’abanyagihugu bose ata n’umwe acaguwe.
Patiri Adrien Ntabona umuhanuzi mu rwego rukuru rw’Abashingantahe
Mu gihe urwo rwego rw’abashingantahe rwashikirije ivyo, rusanzwe ndetse rutemewe n’abari mu mugambwe CNDD FDD basanzwe barongoye igihugu, Ambassadeur Balthazar Habonimana arurongoye avuga ko badakeneye kwemerwa n’imigambwe canke abanyeporitike, ikibashimisha, ari uko bemewe n’abanyagihugu, bo bazi ico urwo rwego rubafasha. Tukabamenyesha ko urwego rw’Abashingantahe, rwatanguye mu kinjana ca 17 inyuma y’ukumenyekana kwa Yezu Kirisu. Avuga ko urwo rwego ari urwa kera, ndetse abashakashatsi bakavuga ko rushobora kuba rwatanguye mu kinjana ca 15 ku mwami Ntare Rushatsi Cambarantama.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments