Abarwanyi bateye ikigo ca gisilikare mu majaruguru ashira uburasirazuba bwa Nijeriya, bica abasilikare barenga 30 imbere yo gusubira inyuma aho bariko bararaswa n’indege.
Abagavye ico gitero bikekwa ko ari abo mu mutwe wa leta ya cisilamu ukorera mu karere.
Bateye ikigo cya gisilikare co mu muji wa Mainok muri Leta ya Borno iherereye mu majaruguru y’uburasirazuba bw’igihugu. Hari mu masaha y’inyuma ya saa sita, ejo ku wa 25/04/2021 nk’uko ababa mwako gace babibwiye ibinyamakuru.
Umutekano muke mu mpande zose za Nijeriya, waguyemwo abasilikare batari bake hamwe n’abasivili muri uyu mwaka. Ukwezi kumwe gusa inyuma y’uko abasilikare bagera muri 30 biciwe mu bitero bine by’abarwanyi ba cisilamu mu majaruguru ashira uburasirazuba bwa Nijeriya.
Umusilikare yavuze ko abandi basilikare bishwe aho abarwanyi babavumbukako aho bari barungitswe gutabara bagenzi babo. Umunyagihugu we yanongeyeko ko abagavye igitero banaturiye icicaro gikuru ca polisi mu muji.
Umuji wa Mainok uri mu bilometero 55 uvuye i Maiduguri ariwo murwa mukuru wa leta ya Borno. Haheze imyaka irenga cumi, inyeshamba za cisilamu zibasiye amajaruguru y’uburasirazuba bwa Nijeriya. Zishe abantu barenga ibihumbi 30 kandi zakuye mu vyabo, vyibura miliyoni zibiri.





Recent Comments