Hatunganijwe isekeza ryo gupima abanyeshure bose mu mashure y-indaro mugukinga irandagata rya Covid19.

0

Nkuko vyaraye bisabwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste  Ndayishimiye, umushikiranganji w-amagara y-abantu muganga Thadee Ndikumana amenyesha ko abanyeshure bo mu ndaro bagera ku bihumbi 30.000 aribo bagiye gupimwa umugera wa Covid19  kuva kuruwu wa katanu igenekerezo rya 9  kushika kuruwu w-Imana igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2021.min

Umushikiranganji abandanya amenyesha ko abanyeshule bapimwe bazoca bahabwa agapapuro kemeza ko badafise umugera wa Covid19. Arangiza amenyesha  kandi  ko ku mashure y-isumbuye hose hazoba hari abaganga kuhera kuruwu w-Imana bazosuzuma ko abanyeshure bose bazoba bafise utwo dupapuro kugira abatadufise bace bapimwa ubwo nyene.