Abarongoye amashirahamwe ya leta barasabwa gusigura impamvu bama mu ruhombo.

0
Amashirahamwe ya leta kenshi ntater’imbere, abayarongoye bo babandanya kwidugiriza amazu mu ma karitiye agezweho mugihe n’umushahara bandikiwe utowubakamwo ata crédit ufashe.
Ni kuri uyu wa mbere, aho Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo itumatumanako NIJIMBERE Marie Chantal yagendeye ishirahamwe rya leta ryo gutumatumanako ONATEL. Muri urwo rugendo akaba yakoranije abakozi b’iryo shirahamwe uhereye ku wurirongoye, abagize urwego nshingwantwaro, abayoboye ibisata bitandukanye n’abaserukara syndicat y’abakozi ba ONATEL.
Ahanini bakaba bariko barabira hamwe aho ishirwa mu ngiro ry’ivyari vyasabwe n’umushikiranganji wa mbere mu mwaka uheze bigeze.
Bimwe muri ivyo ni nko kwumviriza no gusuzuma neza igituma iryo shirahamwe rikora rihomba. Abarongoye ONATEL bakaba basabwe ko mu mpera z’uyu mwaka boba bamaze gutunganya neza icegeranyo cerekana ishirwa mu ngiro ry’ivyasabwe n’umushikiranganji wa mbere.