Ama grenade agize igihe aterwa i Bujumbura ngo aterwa n’ikiroberi ca General de Brigade Niyombare

0

Inyuma ya General Philbert Habarugira yamenyesheje ko Ikiroberi kizoba kije gusubiza ibintu mu Buryo i Burundi camaze kwitegura, General Leonard Habarugira nawe yamenyesheje imboneshakure KTN Kenya muri ino misi ko batanguye ibitero kuri Bujumbura.

Uwo mu Generalyahora ari icegera mu biro bikuru vy’ipererezo amenyesha ko imyiteguro isa n’iyarangiye ahubwo Nkurunziza akwiye kwitegura gusubiza igihugu, akamenyesha kandi ko batari kure uretse we ari mu rugendo rw’akazi muri Kenya ariko ngo abandi bose bari i Burundi.

Kuri iyo mboneshakure y’aba Kenya yemeye ko ama Grenade agize imisi aterwa i Bujumbura aribo bayatera. Nawe nyene akaba yaciye amenyesha ko uwumukurira muri ivyo bikorwa arimwo ari General de Brigade Godefroid Niyombare.

Mwokwibuka ko abatari bake bamenyesheje ko hari intambara igomba kuba mu Burundi abandi bakanayishigikira aho nka Hon Hussein Radjabu yamenyesheje ko ata yindi nzira yo gukuraho nkurunziza atari ugukoresha inkoho, nayoicegera ca Kabiri c’Umukuru w’Igihugu Gervais Rufyikiri yamenyesheje ko inzira nziza yo kwumvisha nkurunziza ibriko biraba ari ukuvuga mu rurimi yumvamwo rw’ingwano.