UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Jéremie Minani agiye gutahuka yitabire amatora ya 2025.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyepolitike Jéremie Minani yahora ari mu barwanya ubutegetsi bwa CNDD-Fdd kuva 2015 agiye gutahuka n’umugambwe wiwe “urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi” yitabire amatora ya 2025,akavuga kandi ko uwo mugambwe uhagaritse burundu umugambi wo kurwanya no gucafuza ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye.


Jéremie Minani yagize ati:« Mu mugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi tumaze guca hirya no hino impinduka za politike zabaye mu gihugu c’uburundi kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashitse kubutegetsi,tumaze kwihweza kandi urugamba twinjiyemwo kuva kuwa 26 ndamukiza 2015 aho rugeze n’aho twipfuza kurushitsa, twihweje imigabo n’imigambi yatumye umugambwe wacu uvuka mu mwaka wa 2010,dufashe izi ngingo nkuru nkuru zikwirikira;

1. kuva igenekerezo rya 1 nzero 2024,umugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi wahisemwo kwemera umushingantahe Evariste Ndayishimiye nk’umukuru w’igihugu c’uburundi.iyi ngingo twayifashe kubera tubona ko hari utwigoro twinshi twiza tw’umukuru w’igihugu dukwiye gushigikirwa kugira imvugo nziza yiwe ijane n’ingiro.
2. umugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi urahagaritse burundu kurwanya ubutegetsi burongowe na Evariste Ndayishimiye ivyo bisigura ko umugambwe umugambwe wacu uzoguma utavuga rumwe na Leta ariko ibikorwa n’utwigoro vyose wariko urakora kugira Leta ihari uno musi isenyuke muburyo bwose bushoboka birahagaze.muri iyo ntumbero nyene umugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi ntuzosubira kuburagiza imigambi yose ya Leta nk’uko vyahora kuva kuva muri ndamukiza 2015 imigambi ya Leta wacu uzoyishigikira,iyitazoba irashe nayo uzoyiyamiriza.

3. umugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi nta ruhara na rumwe uzosubira kugira mu mugambi utuma umutekano n’itunga ry’igihugu bitituka canke ishusho y’uburundi mu makaungu itituka

4. umugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi uritandukanije n’imigambi yose yp guhungabanya umutekano w’uburundi kandi urateye ivyatsi ibitero bimaze imisi biba bigahitana inzirakarengane nyishi z’abarundi.

5. Abanywanyi b’umugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi bose basabwa guhagarika bacumva iri tangazo ibikorwa n’inyifato bariko barakora canke bategura vyo kurwanya Leta hisunzwe 001-2015 rwo kuwa 27 ndamukiza 2015.ibikorwa vyo gucyoza Leta gutega imitego Leta kugira isenyuke,gutoba canke kuigira mu menshi imigambi yose ya Leta,vyose turabisezereye.

6.Umugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi ntugishigikiye inzira yose yoguhindura intwaro mu burundi bidaciye mu matora.Muriyo ntumbero nyene uyu mugambwe ugiye gutuma indongozi zose z’umugambwe ziri mu buhungiro zitahuke mu gihugu zitegure kwitabira ibiringo vyose vy’amatora yimirije mu mwaka wa 2025.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments