Kuwa 18 Gitugutu 2021 niho hatangura mu gisagara ca Goma mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Co ngo, ku ncuro ya mbere ihiganwa rya Karaté rihuza ibihugu vyo mu karere k-ibiyaga binini, iryo bise mu rurimi rw-igifaransa ˮTournoi d-amitié des pays des grands lacs‟
Muriryo higanwa ryarangiye kuri uyu wa 24 gitugutu 2021 , igihugu c-uburundi catahukanye ikibanza ca Kabiri hamwe n-imidari igera kuri cumi n-itanu, hama gikwirikirwa na Tanzaniya n-imidari 14 hanyuma uganda n-imidari 3, mu gihe Repblika iharanira intwaro rusangi yatahukanye ikibanza ca mbere n-imidari 16.
Twobamenyesha ko umwigeme w-umurundikazi yitwa Belyse Sinzoyiheba asanzwe afise imyaka 19 yatowe nkuwarushije abandi mu rugero rw-abigeme.
Recent Comments