UBM News ads

Ibiganiro bihuza Leta y’urwanda na Kongo nubu ntaco vyashitseko

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibiganiro bihuza Leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo n’urwanda vyarangiye atakivuyemwo.Kongo yoba iterekwa umugambi wo kurwanya no kwirukana umuhari FDLR nkuko bisabwa n’urwanda.


Hari Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 nyakanga aho I Luanda hateranira abashikiranganji baserukira ibihugu vya Kongo,urwanda na Angola mu biganiro kugira bashike Ku masezerano yotuma haboneka amahoro mu buseruko bwa Kongo.

Muri ivyo biganiro Kongo yaserukiwe n’umushikiranganji Thèrese Wagner kayikwamba,urwanda rwaserukiwe na Olivier Nduhungirehe nayo Angola yaserukiwe na Antonio TÄ—te.

Muri ivyo biganiro Leta ya Kongo harivyo yaheruka gusabwa n’abarongoye Iperereza mu bisirikare 3 arivyo Kongo,urwanda na Angola yakoranye kuwa 30 myandagaro 2024 I rubavu mu Rwanda yasaba Yuko Haba kurwanya no gutuza umuhari FDLR wagirizwa gukora ihonyabwoko mu Rwanda.

Kuri kino kibazo ça FDLR coba catumye ibiganiro ataco bishikako kuko uwaserukiye Leta iharaniro intwaro ya Kongo yoba yarabihakanye.

Umushikiranganji wa Leta ya Kongo asa n,uwushigikiye iciyumviro ca Félix Tshisekedi yaheruka kumenyesha KO atazopfa yicaranye n’umuhari M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments