Inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, EALA ihamagarira ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC gushira mu ngiro ibijanye no gukora urudandazwa hagati y’ibihugu bigize uyo muryango hakoreshejwe amafaranga ivyo bihugu nyene bisanzwe bikoresha. Ivyo bikaba ari ivyayuye mu nama igira kane y’inama nshingamateka ya EALA yabaye ku magenekerezo ya 11 na 12 Ruheshi 2023 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.
Photo | Jeff Angote | Nation
EALA igasigura ko bimwe mu vyotuma uwo mugambi wihutirwa, ni uko ikoreshwa ry’idorare rishobora gutuma ibijanye n’urudandazwa no gushinga imitahe bishobora guhungabanya urudandazwa hagati y’ivyo bihugu. Gukoresha amafaranga ya buri gihugu ahari hohose mu muryango wa EAC ngo vyofasha kandi mu gushitsa ihangiro ryo gutsimbataza ubwiyunge bw’ivyo bihugu rishingiye cane cane ku butunzi hagati y’ibihugu bigize uwo muryango.
Tubamenyeshe ko abarongoye amabanki y’ibihugu bigize EAC baheruka guhurira i Bujumbura kugira ngo bige ku bijanye n’iryo koreshwa ry’amafaranga y’ibihugu bigize uwo muryango wose atiriwe arahindurwa mu ma dorare ya Amerika.
Recent Comments