Abanyagihugu bakoresha ibarabara rya Bujumbura-Rumonge bagiye kwishurwa indoto zabo

0

Ubushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta bumenyesha ko mu mwaka wa 2018 bugiye gusanura ibarabara rikuru inomero 3 igice ca Bujumbura-Rumonge hamwe n’igice ca Rumonge -Nyanza lac,gusanura ibirometero 285 vy’amabarabara yononekaye mu gihugu hagati.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru,Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta yamenyesheje ko mu mwaka wa 2018 iruhande yo gukora ibarabara rya Bujumbura -Rumonge ko hazosanurwa ikivuko ca Bujumbura naho ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura cubakwe ku buryo bwa none.

Ibindi bizorangurwa n’ubwo bushikiranganji ni nko kubaka ikibugu gishasha c’indege ca Kabamba mu ntara ya Ngozi, hamwe no gukurikirana ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi ya Uvinza-Musongati.

Abanyagihugu bakoresha ibarabara rikuru inomero 3 rya Bujumbura -bamaze Rumonge igihe kirekire bidoga kuko iryo baarabara bakoresha ryononekaye gushika k’urugero rwo hejuru,ubu bakoresha amasaha atari musi ya 2 kugira bashike iyo baja mu gihe rikomeye bashobora kumara umwanya uri musi y’isaha kuva I Bujumbura uja mu Rumonge.

Niyo hubakwa ikibuga c’indege gisahiriza i c’i Bujumbura ,bizofasha cane kuko benshi bibaza uko vyogenda bishitse ku mvo izi canke ziriya ikibuga c’i Bujumbura kikagira utubazo ntigikore iyo abanyagihugu bo mu Burundi boca kugira baje gufata indege.

Umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA yamenyesheje ko ivyaranguwe mu mwake uheze wa 2017 n’ubushikiranganji arongoye,n’ibijanye n’abantu 998.729 bashoboye kwiyunguruza mu gihugu hagati bakoresheje imodoka z’ishirahamwe ritwara abantu n’ibintu OTRACO,imiduga 100 ishaje yarangura umwuga wo gutwara ibintu n’abantu irakurwa mw’ibarabara,imodoka 3030 yarihiwe asiranse hamwe n’imodoka 26 zaguzwe kugira zihabwe ibisata bitandukanye vya Reta.

Mu gisata c’amabarabara,uyo mushikiranganji yashikirije ko amabara yasanuwe yongera asirwa ikaburimbi mu mwaka wa 2017,ari ibarabara rikuru inomero 3 rya NyanazaLac -Mabanda-Mugina rifise uburebure bw’imetero 45, ibarabara rya Nyakararo-Mwaro-Kibumbu hamwe n’igice ca kabiri c’ibarabra inomero 13 Makebuko-Ruyigi yasanuwe hamwe n’igikorwa co gushira ku mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura amatara afasha ibisikanya ry’uruja n’uruza Feux tricolores mu rurimi rw’igifaransa.