UBM News ads

Leta y’uburundi ibitse imirwi y’inkorabara ya FDLR na FLN-Eloge willy Kaneza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umumenyeshamakuru Eloge willy kaneza aremeza neza ko Leta y’uburundi ibitse imirwi y’inkorabara ya FDLR na FLN ituruka muri kongo mbere n’abategetsi b’uburundi barabizi harimwo umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca.

Umumenyeshamakuru wa SOS Médias Eloge willy kaneza aremeza ko atagukekeranya leta y’uburundi ibitse imirwi y’inkorabara y,interahamwe za FDLR na FLN yose ituruka muri kongo ariko ubu ikaba icumbikiwe na Leta y’uburundi mbere bakaba bafise ibirindiro vyabo mu kibira.

Eloge willy Kaneza ashira ahabona amajwi y’umushikiranganji wa mbere wa leta y’uburundi Gervais Ndirakobuca mu gihe yari mu nama n’abanyagihugu hamwe n’abajejwe intwaro muri komine Mabayi mu ntara ya cibitoke kw’igenekerezo rya 22 myandagaro 2023.

hari inyuma y’urupfu rw’imbonerakure yari izwi kw’izina rya Isidore Niyonzima urwo rupfu rwababaje abatari bake bituma musitanteri wa komine Mabayi Nicodemu Ndahabonyemana ahagarikwa n’izindi mbonerakure 3 hamwe n’abadandaza batari bake bo muri komine Mabayi.

Abo Bose bagirizwa na ko bagize uruhara mw’igandagurwa ry’imbonerakure Isidore Niyonzima yari azwi cane kw’izina rya”Maisha”.uyu mugabo bivurwa ko yishwe n’interahamwe za FDLR zimuhora ko yoba atanga amakuru mu rwanda.

ibi nivyo vyatumye umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yishikira muri komine mabayi kugirisha inama abanyagihugu n’abajejwe intwaro.

N’agashavu kenshi,Gervais Ndirakobuca kuri uwo musi w’igenekerezo rya 22myandagaro 2023 yarakariye cane abanyamabayi kubera bariko barashigikira imirwi ya FDLR na FLN ituruka muri Kongo mbere ko abanyamabayi bashobora gufatirwa ibihano ntibasubire kuronka aho basumira ibifungurwa.

IKIMENYESTO SIMUSIGA KO IYO MIRWI IRI KUBUTAKA BW’UBURUNDI.

Kuri uwo musi Gervais Ndirakobuca yagize ati:”mwa banyamabayi mwe mumenye ko tubitse ikara mugashambara,abo bantu nibaba bafise ivyo barondera canke ivyo kurya nibagende babirondere mu gihugu cabo bareke guteza umutekano muke kubutaka bwacu.”

Gervais ndirakobuca yarongeye ati:”mperuka kugirisha inama ariko nasanze nayifirishije abataribo,nasanze abatware bo hasi barampenze ubu rero nshimye kugirisha inama mbwe abenegihugu kandi mushire ubwoba mumbwire neza abantu Bose bari gukorana n’abo bantu”.

Ikindi gitangaje n’inama iherutse kubera mucibitoke no muri kabarore igizwe n’abagize imihari ya FDLR na FLN hamwe n’abategetsi mu gisirikare c’uburundi hamwe na bamwe mw’iperereza ry’uburundi.

Nkuko bishishirizwa na Eloge willy Kaneza abari bitavye iyo nama baturuka mu mihari ya FDLR na Fln ni:

GENERAL Hamada Habimana azwi nka komanda wa FLN;
Gen de Brigade Antoine Hakizimana wa Fln;
Gen Major pacifique Ntawunguka umukuru wa FDLR;
Col Honoré Hategekimana azi kw’izina rya Théophile atwara irindi ishami rya FLn.

Mbega Leta y’uburundi yoba ifise inyungu nki mugucumbikira iyi mirwi y’inkorabara?

Biragoye kumenya neza ico Leta y’uburundi ishaka gushikako ariko ikigaragara nuko hoba hari umugambi wo gufatanya n’iyo mirwi mu mugambi utaraja ahabona.

Ariko Mugihe umubano w’urwanda n’uburundi utifashe neza mbere Leta y’uburundi ikaba yararungitse abasirikare muri kongo baja gufasha igisirikare ca Kongo’Frdc’kurwanya umuhari m23 bivugwa ko ufashwa n’urwanda,umuntu yokwibaza ko hoba hari umugambi wubufatanye mu gutera urwanda canke kurwanya umuhari m23 bari hamwe.

Leta y’urwanda yo isaba kongo kwirukana iyo imihari icumbikiwe na kongo mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo biri mubuseruko bwa Kongo.

Iyi mirwi ya FDLR na FLN yagiye ivurwa muma raporo menshi mpuzamakungu no mukarere mubikorwa vyo guhungabanya umutekano no kubangamira agateka kazinamuntu harimwo mbere n’ivyaha vyo gukora ihonyabwoko murwanda ryabaye 1994.

Mu gihe Leta y’uburundi yoshima gukorana n’iyi mirwi bishobora kuvyura ibibazo vy’umutekano muke mukarere kose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments