Abantu barenga 480 barishwe mu Burundi mu kiringo c-amezi atatu (LIGUE ITEKA)

0

Mu cegeranyo casohowe n-ishirahamwe riharaira agateka ka zina muntu mu Burundi LIGUE ITEKA, kishira ahabona abantu barenga 480 bishwe mu mihingo itandukanye y-uburundi mu kiringo c-amezi atatu aheze. Abantu bagera kuri 72 barahagarikwa hadakwirikijwe amategeko hamwe n-abagera kuri 22 banyurujwe baburwa irengero.The Ligue Iteka disbanded by the government | Front Line Defenders

Abantu 481 barishwe , murabo 345 ni abafungwa baturiwe mw-ibohero rikuru rya Gitega. Abantu 66 batowe ibiziga, umuntu umwe akaba yarishwe mu bwicanyi ndengera butungane . Abantu 22 baraburwa irengero, 29 bakorewe amabi afatiye gutsina, 23 barahohoterwa hamwe na 72 bahagaritswe bidakurikije amategeko  Niko tubisoma  mw-ico cegeranyo.

LIGUE ITEKA idomako urutoke ku bariko bakora ayo mabi , nabo ni bamwe bari mu rwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD, bamwe mu bapolisi, bamwe mu bakozi b-iperereza hamwe na bamwe bari mu ntwaro.

Mu kurangiza, Umuhari ITEKA uriyamiriza ukudahana vyabaye ndanse mu gihugu ndetse  ugasaba akarere n-amakungu kugondoza Leta y-uburundi kugirango yubahirize amategeko ajanye no gukingira agateka ka zina muntu hamwe no gushengeza mu butungane abagirwa n-ivyaha at aka mwana wa mama kabayemwo.