MSD imenyesha ko itahura ivyatumye hari umurwi w-abarundi ufata ibirwanisho iki gihe.

0

Umugambwe MSD umenyesha ko ihonyangwa ry-amasezerano ya Arusha hamwe n-iterabwoba muri politike bikorwa n-umugambwe CNDD-FDD, biri mu vyatumye  uburundi busubira mu ntambara. Nkuko biri mw-itangazo ryo kuri uyu wa 10 Nzero 2022 ryateweko umukono n-umukuru w-uwo mugambwe Alexis SINDUHIJE, Uwo mugambwe uvuga ko naho igihugu gikikujwe n-urwaruka rw-imbonerakure, abatavuga rumwe bakaba bafungirwa ubusa, ubwicanyi hamwe no kwangazwa abarundi isinzi bikabandanya kurwirirana bidaciye intege abanyagihugu bashashaye iyubahirizwa ry-agateka ka zina muntu.Stream MSD BURUNDI music | Listen to songs, albums, playlists for free on SoundCloud

Mu mugambwe MSD bakabandanya bavuga ko nkuko  vyibonekeje muri kahise, Ako karenganyo ariko katumye hari abarundi bahitamwo gufata ibirwanisho kugira barwanye ayo mabi akorwa n-ubutegetsi. Aha, MSD igatanga akarorero ku ntambara hagati y-umuhari RED-TABARA n-igisirikare ca Leta zadugije umuvuduko udasanzwe yaba hagati mu gihugu canke hanze y-igihugu.

Muri iryo tangazo, Umugambwe MSD wagarutse ku bitero vyabaye mu ntara ya Kayanza hamwe no muri zone Gatumba ,ibitero nkuko bivurwa n-uwo mugambwe, vyatumye igisirikare c-uburundi kihatakariza ibitari bike. MSD iributsa kandi ko umugambwe CNDD-FDD wahisemwo kujabukana indyane z-uburundi mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu ntumbero yo kurwanya umuhari RED-TABARA, ariko nahonyene nkuko amakuru MSD ifise, ngo abasirikare b-uburundi bari mw-ico gihugu ntiborohewe kuko hari benshi bishwe abandi barakomereka. Iyo ngingo ya Leta y-uburundi yo kujabukana indyane z-uburundi  muri Congo ikaba inegurwa n-umugambwe MSD ubona ko ata kindi bigamije atari ugutera umutekano muke mu karere kandi iyo nzira ikaba ataho izoshikana umugambwe CNDD-FDD . Ninayo mpamvu, Umugambwe MSD usaba umugambwe CNDD-FDD kwikubita agashi ugashira imbere ibiganiro bidakumira kuko ariyo nzira yonyene ishobora gutorera umuti w-ingorane ziri hagati yawo hamwe n-abo bitavuga rumwe.

Mu kurangiza, MSD iributsa amakungu ko akwiye gukingira abanyagihugu b-abarundi nyabuja ariyo yari yahagarariye amasezerano ya ARUSHA. Bongera basaba amashirahamwe mpuzamakungu nka EAC, Ubumwe bwa Afrika hamwe n-ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kugondoza Leta y-uburundi ikemera ibiganiro bidakumira bihurikiwemwo na bose.