Uburundi buracari inyuma ku bijanye no kworohereza abanyamitahe ugereranije n-ibindi bihugu (ADB)

0

Igihugu c-uburundi kiracari inyuma kubijanye no kworohereza abanyamitahe  ugereranije n-ibindi bihugu.Bitangazwa na Desiré Musharitse , umuyobozi mukuru w-ikigo ADB, cahoze citwa API. Hari mu kiganiro yagiranye n-abamenyeshamakuru  kuri uyu wa gatatu.May be an image of 1 person and sitting

Uwo arongoye ADB asigura ko kugira uburundi ntiburonke abanyamitahe bawuzamwo vyavuye ahanini ku mvururu za politike igihugu giherutse gucamwo. Ariko akemeza ko indongozi z-igihugu ziriko zirakora ibishoboka vyose kugira zihindure ishusho y-uburundi mu makungu kugira abanyamitahe bashobore guhurumbira uburundi ari benshi.

Desiré Musharitse ikindi avuga nuko hariko hakurwaho inzitizi kugira abanyamitahe boroherezwa mu gukorera imigambi yabo mu gihugu.