Kenya= Abanyagihugu bahagurutse biyamiriza ikigo FMI ko kihagarika kutanga amadeni ku gihugu cabo.

0

Abanyekenya batari bake babicishije ku mbuga za interneti mu gushira imikono ku nyandiko bise ˮpetition‟bahakanye bararengwa ko ikigo FMI kisanzwe kitanga amadeni ku bihugu biyasavye ko kitasubira kutanga ideni na rimwe ku gihugu ca Kenya ku kubera ico gihugu cugarijwe n-amadeni menshi kandi ko ayo  amahera atangwa nk-ideni ashikira mu mifuko y-abategetsi bamwe bamwe.

Barongowe n-uwitwa Jefferson Murrey, abakenya bagera ku bihumbi ijana na mirongo itanu ₍150.000₎ bamaze kutera imikono k-urwo rwandiko berekanye ko bari kubiri cane n-akamenyero  kamaze kwigira ndase k-ubutegetsi bwa Perezida Uhuru ko kuguma bwaka amadeni ya miliyaridi nyishi ataco ngo mu nyuma ari buheze akoreshwe kiboneka atarukwo aca ashikira mu mifuko ya bamwe mu bategetsi.

 

Nkuko bitangazwa n-ikinyamakuru Daily Nation hagati y-ukwezi kwa gatatu be n-ukwezi kw-icumi na rimwe vy-umwaka w-2020 ikigo FMI carahaye ingurane igihugu ca Kenya amashiringi  angana n-imiriyaridi 971 agenewe kurwanya ikiza Covid19, ayo nayo nkuko vyemezwa n-abahinga mu vy-ubutunzi bo mw-ico gihugu nuko hashitse mu kigega amahera make ayandi yabuzwe irengero atawuramenya ivyo yagiye gukoreshwa.How Ruto Disrespected Uhuru After Being Cautioned at State House -  Kenyans.co.ke

Agashavu k-abo banyagihugu kadugijwe n-aho bumviye ko ikigo FMI cemereye ko kigire kitange iy-indi ngurane igera ku miliyaridi 257 z-amashilingi yo kurwanya kandi ikiza ca Covid19, iyo ngurane iza gutuma ico gihugu cinjira mw-ideni rininiya cane mu kiringo c-umwaka umwe kandi hanakoreshwe amahera makeyi ayandi yigire mu mifuko y-abategetsi bamwe bamwe nk-uko bivurwa n-abo banyagihugu mw-urwo rwandiko rwa ‟petition  ˮbariko baterako umukono mu kwanka itangwa  ry-irindi deni ku gihugu cabo.

Tubibutse ko igihugu ca Kenya kiri mu bihugu vyo muri afrika y-ubuseruko biza ubwa mbere bivurwamwo ibiturire be n-isesagurwa ry-amatungo ya Leta, nk-uko ishirahamwe Transparency international ryama ryavyerekanye mu vyegeranyo risohora buri mwaka . Ejo bundi hahise perezida wa kenya Uhuru KENYATTA yaheruka kutangaza ko buri musi imiriyaridi zibiri z-amashiringi zinyuruzwa ntizikoreshwe ivyo zari zagenewe.