Abantu 42 Baramaze Gufungwa Bagirizwa Kurwanya Ihinyanyurwa Ry’Ibwirizwa-Shingiro.

0

Abatavuga rumwe na leta bamenyesheje ku musi wa kane muri iyi ndwi ko abantu bashika 42 bamaze guhagarikwa bagirizwa kurwanya ihinyanyurwa ry’ibwirizwa-shingiro ryitezwe mu kwezi kwa Rusama 2018.

Pierre-Celestin Ndikumana aserukira Urunani Amizero y’Abarundi, yabwiye Agence Française de Presse (AFP) ko abahagarikwa bahagarikwa mu buryo budaciye mu mategeko bagirizwa kwigisha abanyagihugu gutora OYA mu kamarampaka ko guhinyanyura ibwirizwa shingiro’.

Iryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro bivugwa ko ryoba rigamije kugumiza umukuru w’igihugu ahari ubu gushika mu mwaka wa 2034 atwara Uburundi. Abo bantu 42 bamaze guhagarikwa bahagaritswe kuva ku wa 12 Kigarama 2017, bagirizwa kurenga ku mategeko yashinzwe ajanye no guhinyanyura ibwirizwa shingiro.

Pierre-Celestin Ndikumana yamenyesheje kandi ko ‘ benshi mu bamaze guhagarikwa ari abava mu runani Amizero y’Abarundi, canke gusa bagahagarikwa biketswe gusa’.

Abenshi mu batavuga rumwe na Leta , bamwe muri bo bahunze igihugu, baramaze kwerekana ko iryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro rizoba rije guhamaba amasezerano y’i Arusha, ayarangije intamabara yari imaze imyaka 13 imaze guhitana abantu barenga 300 000.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here