UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

ABANTU 2 BAMENYEKANA GUSUMBA ABANDI KWISI → YESU HAMWE NA MUHAMMAD

UBM News ads

1) Abantu barenga Miliyoni 24.9 ku kwezi nibo bashakisha kimwe mu bintu vyerekeye
uyu mugabo (YESU) bakoresheje ishakisha rya Google.YESU

Yesu yamenyekanye cane nk’umuntu wakora ibitangaza aho yagera hose. Imigenzo yiwe yakora nubu abantu baracayigenderako. Ibitabo vyanditse kuri Yesu kugeza ubu ntibiharurika kuko nivyinshi, kandi nanje nshatse kubibabwira nivyinshi ntavyo navuga ngo mpeze.

Ikindi kandi kubagendera ku myemerere ya Kristo bigisha neza ndetse bakanemeza yuko ariwe muntu wenyene wapfuye ndetse akazuka. Bakanaheraho bemeza ko ari umwana w’Imana, Yesu yabayeho mu mwaka wa c. 5 B.C.–c. A.D. 28

2) Abantu barenga Miliyoni 13.6 ku kwezi nibo bashakisha kimwe mu bintu vyerekeye uyu mugabo bakoresheje ishakisha rya Google.

Ibitabo vyanditsemwo ikintu cerekeye kuri uyu mugabo ( Abū al-Qāsim Muḥammad ibn ʿAbd Allāh) ntibiharurika kubera ubwinshi bwavyo kimwe n’uko natwe tugiye kumuvugaho vyinshi bwakwira bugaca. Uyu yamenyekanye cane kubera inyigisho ziwe ndetse n’imyemerere ijana n’idini ya Islam.

Uyu mugabo kandi afatwa nk’intumwa y’Imana kubemera imigenzo n’imyemerere ijana n’idini rya Islam. Yabayeho afite abagore 13. Igishushanyo ca Muhammad ni ica kabiri cubashwe cane kurusha ibindi kwisi. Yabayeho mu mwaka wa c. A.D. 570–632 nyuma ya Yesu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments