Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsABASAZI BARASETSA GUSUNVYA UKO WEWE UVYIBAZA '' SOMA WUNVE...

ABASAZI BARASETSA GUSUNVYA UKO WEWE UVYIBAZA ” SOMA WUNVE…

Abasazi babiri babonye inzu nziza ku nkengera z’ikiyaga ca NEW YORK , umwe atangura kwidoga ngo murabona iyi nzu y’igitangaza baje gushira muri uwu mwonga aho atanumwe ayibona kandi iyo bayubaka hariya Muri TEXAS hameze neza cane ari ho iba iboneka neza! Mugenziwe ati ingo rero tuyisunike tuyijaneyo!

Ngabo bashizeko amaboko barasuguuuuuuuuma, n’agatuguta karabira. Bumvise icuya kibarenze baciye bakura amashati bari bambaye bayashira hasi, basubira gusuguma ya nzu.

Haciye haca umwana ahitana za mpuzu arigira muribo ntanumwe yabibonye. Babandanije basunika iyo nzu gushika aho baruha, umwe muri bo ahindukiye asanga za mpuzu ntazihari aca abwira uwo wundi ati: Ongereza inguvu mugusunika kuko iyi nzu turayijanye raba turi no mugushika Muri TEXAS ! Na za mpuzu ntazo nkibona kuko dushitse kure!

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments