Abantu 16 nibo baguye mu migwano yahuje abasirikare b’Uburundi n’imigwi igwana i Uvira.

0

Abantu 10 nibo baguye mu migwano yahuje abasirikare b’Uburundi n’imigwi igwana nka REd Tabara na FNL i Uvira, mu ntara ya Sud Kivu, intara isanzwe ihana urubibe n’igisagara ca Bujumbura umugwa mukuru w’Uburundi.

Radio Okapi, iradiyo ya MONUSCO muri Congo, ikamenyesha iyo nkuru yatohojwe mu gisirikare ca Kongo FARDC, coco kivuga mbere ko bose hamwe baguye muri iyo migwano yahuje ingabo za Congo FARDC n’imigwi y’Abarundi igwana bashika ku bantu 16.

Radio Okapi ikamenyesha neza ko ibirwanisho vyinshi vyafashwe n’igisirikare c’Uburundi mu misozi ya Uvira, kandi ko umugwi w’abasirikare b’Uburundi wibonekeje mu gace ka Ngendo ku bilometero 70 uvuye i Uvira, mu kiyaya ca Rusizi.

Agace ko mu Buseruko ka Kongo kiganziwemwo n’imigwi igwana, yaba iyiva mu Buganda, mu Rwanda no Mu Burundi. Amashirahamwe yo muri Kongo agasaba ingabo za Kongo FARDC gutuza iyo migwi kugira ngo abanyagihugu baronke ituze na cane cane muri kino gihe himirije amatora muri Congo muri Kigarama 2018.