Sentare yo mu Burundi ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yamenyesheje ko zimwe mu ngingo zigize itegeko rigenga abamenyeshamakuru mu Burundi zitisunze ibwirizwa shingiro.
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru, UBJ (Union Burundaise des Journalistes) ryari ryashikirje zimwe muri izo ngingo kugira iyo sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro igire ico izivugako.
Izo ngingo zashikirijwe ni nk’izerekeye ihadabu ry’umurengera hamwe n’ingwati mu gihe abamenyeshamakuru bagiriwe n’ikosa mu mwuga wabo wo kumenyesha amakuru.
Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi, UBJ (Union Burundaise des Journalistes), amenyesha ko ashima kubona sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ko hariho ingingo mw’ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru zidakurikije amategeko.
Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi, UBJ
Tubamenyeshe ko ingingo sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ko zubahiriza ibwirizwa shingiro ari ingingo zihana umumenyeshamakuru atanga amakuru atanga ubukomezi ku mwansi, amakuru atosekaza izina ry’igihugu, hamwe n’amakuru yotuma ubutunzi bw’igihugu buhungabana.
Mwokwibuka ko itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryateye impari nyinshi hagati y’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka, aho ryariko ririgwa.
Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abatagira aho begamiye muvya poritike, yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu, barasemereye basaba ko umukuru w’igihugu atoshira umukono kuri iryo tegeko, bavuga ko riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro, n’aho bitabujije ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atera umukono kuri iryo tegeko igenekerezo rya 4 Ruheshi umwaka twaraye turangije.
Recent Comments